Scroll to Top

Uburundi buri mu bihugu 6 vya mbere bigiye kuzoronswa isabuni y’ukwikingira Malaria

By La Rédaction / Published on Sunday, 14 May 2017 13:39 PM / /

Umunya Burkina Faso Moctar Dembélé hamwe n’umurundi Gérard Niyondiko baherutse gukora isabuni ikinga indwara ya Malaria mu gukingira umuntu aba yayoze ko umubu usanzwe utera iyo ndwara ushobora kumwanduza mu kiringo kingana n’imiburiburi amasaha atandatu.

                                            Gérard Niyondiko, FasoSoap

Isabuni ikinga indwara ya Malaria yiswe ”FasoSoap” ikaba yatowe mu mwaka w’2013 na Moctar Dembélé wo mu gihugu ca Burkina Faso hamwe n’umurundi Gérard Niyondiko ikaba yateguriwe kuzofasha abanya Afrika kwikingira indwara ya Malaria, aho hategekanywa ko ibihugu bitandatu bibangamiwe cane n’iyo ndwara ariyo Burkina Faso, u Burundi, Nigeria, Kenya, Mali hamwe n’u Buganda arivyo iyo sabuni izotangura gukwiragizwamwo.

Muri runsasuma yakozwe mu mwaka w’2015, ivyo bihugu uka ari bitandatu tuvuze aho hejuru akaba arivyo vyaje imbere mu bihugu bibangamiwe cane n’indwara ya Malaria ku bice vy’abantu bangana n’imiliyoni 214.

Moctar Dembélé hamwe na Gérard Niyondiko bakaba batanguje uwo mugambi wa FasoSoap mu mwaka wa 2013 bakiri ku ntebe y’ishule kuri kaminuza y’i Berkeley muri Leta zunze ubumwe za Amerika mu gisata c’ubuhinga, ingénierie à 2iE, aho banarose n’agashimwe kitiriwe Global Social Venture Competition mu mahiganwa yari yateguwe n’iyo kaminuza. Gérard Niyondiko akaba gushika ubu ariwe arongoye uwo mugambi FasoSoap.

Mu mwaka w’2014, Niyondiko akaba yarakoranye na laboratoire y’ubufaransa iTech yo kuri kaminuza ya Lyon kugira ngo yige neza ingaruka zizova ku gukoresha iyo sabuni, yamara akaba atabashije gushika kw’ihangiro ryiwe bivanye n’uburyo bwaciye bumubana buke.

Yamara mu mwaka wa 2015, FasoSoap ikaba yahavuye ihabwa amafaranga y’abanyamerika angana n’ibihumbi bitanu araheza atagwa n’umu milliardaire w’umunya Nigeria Tony Elumelu, ariko naho nyene akaba atashoboye gukwira kugira ngo uwo mugambi urangire neza yamara gushika ubu bwana Niyondiko akamenyesha ko uwo mugambi usa n’uwarangiye eka gushika mu mwaka uza wa 2018 ngo akaba ategekanya kuzoba amaze kurokora ubuzima bw’abantu bangana n’ibihumbi ijana.

Kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza uwu mwaka, Gérard Niyondiko akaba yaranatanguje isekeza ry’ukwegeranya uburyo abicishije kuri plateforme crowdfunding Ulule, rizokora gushika kuwa 21 Rusama uwu mwaka, rifise ihangiro ry’ukwegeranya uburyo bungana n’amafaranga y’amanyaburaya ibihumbi mirongo itatu, ariko abatanguje uwo mugambi bakaba bipfuza kuzokwegeranya uburyo busumba ubwo bihayeko ihangiro.

 

6,891 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel