Scroll to Top

Haraye hongewe ikiringo c’uguhinduza impusha za kera z’ugutwara ingendeshwa

By La Rédaction / Published on Tuesday, 16 May 2017 04:55 AM / /

Mu gihe abasanganywe za mpusha za kera z’ugutwara ingendeshwa batari bwashikirwe kugira ngo bashobore kuzihinduza bari bamaze imisi bidodomba ko ikiringo ntabanduka bahawe ari gito, umushikiranganji w’umutekano yaraye asubiye kubongera ikindi kiringo.

                                            Permis de conduire biométrique

Nk’uko bibonekera mw’ibwirizwa nshikiranganji ryateweko umukono n’umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume Bunyoni kuri uwu wa 15 Rusama waraye uheze, abantu bagifise za mpusha za kera zitanga uburenganzira bw’ugutwara ingendeshwa, permis de conduire mu rurimi rw’igifaransa, baraye bongewe ikindi kiringo c’ukuzihinduza muri zimwe zikozwe ku buhinga bwa none, permis de conduire biométrique.

Iryo bwirizwa nshikiranganji ryatanguwe gushirwa mu ngiro umusi nyene ritererwako igikumu, ni ukuvuga kuri uwu wa 15 Rusama waraye uheze, rikaba risaba abagisigaranye izo mpusha za kera ko boba bahejeje kuzihinduza kugera kuwa 31 Myandagaro uwu mwaka turimwo.

Nayo uwo hazogera ico gihe atarashobora guhinduza urwo ruhusha rwa kera, ngo azoshobora kuruhinduza yamara abanje kuriha inyungu z’ugucererwa, intérêts moratoires mu kinyamazuru, eka guhera kuwa mbere Nyakanga uwu mwaka, ngo ntawuzoba akirekuriwe gushira ingendeshwa yiwe mw’ibarabara agifise urwo ruhusha rwa kera, nayo uwuzofatwa ngo azoheza acibwe ihadabu, hafatwe ingendeshwa yiwe cokimwe n’urwo ruhushwa rwa kera azoba agikoresha kandi ikiringo carwo cararangiye.

6,853 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel