Scroll to Top

#Indundi Sports| Ubushikiranganji bw’inkino bwaraye butanze intererano yabwo muri Buja Run Fest.[Interview]

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 17 May 2017 01:26 AM / /

Kuri uno munsi wa kabiri Ubushikiranganji bw’inkino , urwaruka  n’imico kama bwari buramutse butanga intereano yabwo, mu nteguro y’igikorwa  c’ugusiganwa ku bilometero 3000,kigiye guhuza urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura, barikumwe n’abanonotsi bazoba bavuye mu bihugu bitandukanye bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Hazoba ari italiki ya 27 Rusama, niho Bujumbura Run Fest itegekanijwe kuzoba hano mu gisagara ca Bujumbura, kabaye akaryo ku basanzwe bariko barategura ivyo bikorwa gushira ahabona ingene ibikorwa biriko biragenda. Abiyandikisha muri iryo higanwa bakaba bamaze kw’iyandikisha mu bibanza bitandukanye.

Umushikiranganji w’inkino , urwaruka inkino n’imico kama akaba yashimye ibikorwa vyose biri mu ntumbero y’uguteza imbere umubano mwiza hagati y’urwaruka rwo muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko. akaba yaboneyeho gutanga intererano y’ubwo bushikiranganji.

Tukabibutsa muri ivyo birori hazoba hatumiwe abanonotsi b’ibihangange bavuye mu bihugu bibanyi nka Tanzaniya, Kenya n’Ubuganda. Tutibagiye n’abigeme ba mbere muri ivyo bihugu ( Miss East Africa)

4,574 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel