Scroll to Top

Elly’s Boy ngo agiye kubandaniriza akazi k’umuziki I Bujumbura

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 16 May 2017 12:16 PM / /

 

Elly’s boy ngo agarutse I Burundi kuri uyu wa 16 rusama, ngo akaba aje kubandanya ibikorwa vy’umuziki.

Mu gihe yaramaze Igihe kitari gito atabarizwa I Burundi, umuririmvyi Elly’s Boy Ku muhingamo wo kuri uyu wa wa 16 rusama niho yashika Ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Uwo muririmvyi akaba yamenyesheje mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ko agarutse I Burundi mu gihugu ciwe c’amavukiro kubandanya gukora umuziki.

Ku kibazo c’uko ashobora kuba aje gatoya hama ace asubira inyuma, uwo muririmvyi yamenyesheje ko atazosubira inyuma atahutse kubera umuziki noneho abandanye akazi kiwe.

Uwo muririmvyi akaba yarakwije ikiringo kirenga gatoya imyaka ibiri atabarizwa I Burundi, akaba yarakoreye mu gihugu ca Turkey yongera akorera no mu gihugu ca Greece nkuko amakuru yanyuma ikinyamakuru Indundi Magazine yarafise avuga.

5,894 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel