Scroll to Top

Video | Akaririmbo Umechokoza Nyuki ka Big fariouz mu giteramo i Gitega

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 16 May 2017 19:13 PM / /

Big fariouz yararirimvye n’akaririmbo Umechokoza Nyuki mu giteramo aheruka gukorera i Gitega.

Big fariouz n’umwe mu bagize imisi bariko barateramisha abarundi mu mihingo itandukanye y’Uburundi, uwo mwanditsi w’indirimbo Umechokoza Nyuki yaririmvye haraheze igihe kitari gito, yahavuye agashira mu gitigiri c’uturirimbo yaririmbiye mu ntara ya Gitega aho mu ndwi iheze yari yateramishije abanyagitega, kuri terrain ya basket kuri centre.

Inyuma y’intara ya Gitega, hakaba hamaze kumenyekana ko azoca ateramisha abanya Bujumbura nabo kandi, ariko muri ivyo biteramo, uwo muririmvyi ngo azoca anagurisha urwo rukurikirane rwiwe rushaha #Fizzology, s’ico gusa kuko n’ukwinjira muri ico giteramo, umufuko utifashe neza canke ng’uzobe ur’umutumire ngo ntibizoroha.

Kurikirana uburyo yaririmvye akaririmbo Umechokozaa Nyuki mu giteramo yakoreye mu ntara ya Gitega muri ino ndwi twarangije.

Gitega Concert | Umechokoza Nyuki by Big Fizzo

Posted by Indundi on Tuesday, May 16, 2017

6,100 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel