Scroll to Top

Uburundi ngo buracari inyuma mw’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none

By La Rédaction / Published on Wednesday, 17 May 2017 03:33 AM / /

Uburundi bwifadikanije n’ibindi bihugu vyo kw’isi yose mu guhimbaza umusi mukuru wahariwe ukumenyesha amakuru wama uhimbazwa uko umwaka utashe kuwa 17 Rusama.

       Nestor Bankumukunzi, umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru

Nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru mu Burundi, Nestor BANKUMUKUNZI, uwu musi mukuru ushitse ngo bigaragara ko abarundi bakiri inyuma mu bijanye n’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none bujanye n’itumatumanako amakuru aho n’uburyo buke buhasanzwe, afatiye ku ma fibres optiques, ngo ntibuheza ngo bukoreshwe n’abanyagihugu nk’uko vyategerezwa.

Bimwe mu bituma ubwo buhinga bwa none budahurumbirwa n’abanyagihugu, ngo n’uko usanga n’abasanzwe bagurisha ubwo buhinga bashobora kwikika mu kiza bakabutanga ku biciro bihanitse kugira baronke inyungu z’umurengera, ivyo bigatuma abanyagihugu badashobora guheza ngo babukoreshe nk’uko vyotegerejwe kuba mu gihe igiciro coba kigereranye.

 

6,098 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel