Scroll to Top

#indundi Sport | Gutsinda muhanga vyatumye Yaoundé agiye guhura na APR FC

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 17 May 2017 06:44 AM / /

Hari Kuruwua 16 Rusama isaha 10 aho umugwi Bugesera usanzwe umenyerezwa n’uwahoze ari umumenyereza wa vital’o Kanyenkore Gilbert Yaoundé washoboye kunyagira umugwi wa Musanze ibitsindo 4-0 mu gice 1/8 mu Gikombe citiriwe amahoro ( Peace CuP).Murukino rwaheruka Musanze yari yatsinze igitsindo 1-0 bwa Bugesera vyose hamwe bica birangira ari 4-1 bituma Bugesera ironka itike yo gukina igice 1/4 gishira ica nyuma mu gikombe citiriwe Amahoro ( Peace Cup)


gutsinda urukino rw’uno musi mu gikombe citiriwe amahoro P vyatumye umugwi Wa Bugesera usanzwe umenyerezwa n’umumenyereza Yaoundé uronka itike yo gukina igice 1/4 n’imugwi Wa APR mu kibukako umugwi Wa APR FC wigeze kwirukana uyo mumenyereza Kanyenkore Yaounde aho bivugwa yuko woba wamuhoye kudatanga ulusaruro mwiza.

Kanyenkore Yaoundé akaba atsinze urukino rwiwe rw’ambere inyuma yo gukina inkino zigera kuri zitatu ari mu mugwi Wa bugesera ataronka amanota atatu. Yaonde akaba yari amaze gutindwa inkino zibiri angana urukino rumwe uno musi akaba yasomye kunturire.
Mu kibukako kanyenkore Yaoundé niwe mu menyereza wambere mu Burundi afise ibikombe bigera kur 24 vy’ihiganwa ry ‘iwacu mu burundi akaba yabitwaye ari mu mugwi Wa vital’o mbere aranatwara na CECAFA Kagame cup 2013 yabereye Sudan .

5,864 total views, 1 views today

Categories : Football homepage Sports

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel