Scroll to Top

Dunia Abed aza kwakirwa na S.E Pierre Nkurunziza

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 17 May 2017 08:57 AM / /

 

Umunyakaranga Dunia Abed ari mu Baza kwakirwa n’ umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu gihe yaramutse agiranira umubonano n’imvukira za commune ntahangwa.

Mu gihe uno musi wa 17 rusama, umukuru w’igihugu c’Uburundi aramutse ahura n’imvukira yo muri commune Ntahangwa, umunyakaranga Dunia Abed nawe ari mu gitigiri c’abaza kwakirwa n’umukuru w’igihugu, nkuko amakuru dukesha urubuga RWA Facebook rw’uwujejwe kuvugira umukuru w’igihugu Karerwa.

Dunia akaba asanzwe ava muri zone ya Kamenge aho anafise umurwi uvuza Ingoma eka n’umurwi utamba intambo z’ikirundi, vyose bisanzwe bikorera mu ntara ya Kamenge.

Dunia akaba amaze kandi guserukira Uburundi mu masabukuru atandukanye mu makungu, eka n’ubushimwe butandukanye akaba amaze kubuhabwa haba mu makungu co kimwe n’aha iwacu nk’utw’amaze guhabwa n’abakuru b’ibihugu.

 

Kurikirana ikiganiro Dunia Abed yahaye ikinyamakuru Indundi Magazine mu mwaka wa 2014, avuga Uruhara rwakozwe n’umurwi komezakaranga [ Umurwi wiwe ] mu guharanira amahoro

10,726 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (1)

Ndayizeye
2017-05-17 00:00:00

Ndakunda akaranga sha nkuyo mubura kuza mumwibuka afuye tuzoduza camera twerekana umufu

Write a comment ...
Post comment
Cancel