Scroll to Top

Big Fariouz agiye gukora ibiteramo vy’ugushumbusha aba fans

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 17 May 2017 12:10 PM / /

 

Big Fariouz ngo agiye gushumbusha abatamubonye ariko aririmba Music Live mu giteramo yakoreye kuri Lacosta Beach.

Mu kiganiro Big Fariouz yatanze Ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu musi wa gatatu igenekerezo rya 17 ndamukiza, yamenyesheje ko ibiteramo azokora kuri uyu wa gatandatu 20 n’uwa mungu 21 rusama ari ishumbushanyo ry’igiteramo yashaka gukora neza ariko atabashije gukora neza mu mpera z’ukwezi kwa Kane.

Muri Ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yabandanije avuga ko ubu azokora Music Live muri Ivyo biteramo azokorera mu bibanza bibiri birimwo, Arena na Bambura Bar.

Mwokwibuka ko kuri Lacosta Beach Big Fariouz yagize ibibazo c’ukubura abamuvugiriza Live Music, kubera ikibazo c’ugutunganya neza ibijanye n’itegurwa ry’ico giteramo.

14,337 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel