Scroll to Top

#Indundi Sports| Ibiharuro vyatumye umugwi wa LLB utwara Primus Ligue igira kabiri mu mateka yayo.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 18 May 2017 10:45 AM / /

Mu rukino rwabereye ku kibiga citiriwe umuganwa Rudoviko  Rwagasore, ku munsi  wa gatatu ( 17/5/2017),  Umugwi wa LLB waraye utwaye  igikombe ca Primus Ligue, inyuma y’ugutsinda umugwi wa Ngozi City ku bitsindo bitanu kuri kimwe ( 5-1). Intsinzi yabashikanye ku manota 65, amanota atumye bisubiza igikombe baheruka gutwara mu mwaka w’2014.

LLB ukaba watanguye ihiganwa ukomeye cane kuko mu nkino zose wakinye zigera kuri 29 gushika kuri uno munsi ari nawo ufise ibiharuro vyiza. LLB watsinze ikino zigera kuri 21, unganya inkino zigera kuri 5 ukaba watsinzwe inkino zigera kuri 4.: (W21, D5,L4)

LLB ukaba warigeze gutsindwa n’umwe mu migwi isa n’iyigiye gusezera ihiganwa, umugwi wa Magara Stars, igitsindo kimwe ku busa (0-1)

LLB ukaba umaze gutsinda ibitsindo bigera kuri 55 utsindwa ibitsindo 15,  ukaba ufise n’umukinyi agira kabiri mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi akaba ari Ndarusanze Claude ageze ku bitsindo 23.

Umugwi wa LLB ukaba urindiriye urukino rwa nyuma rwo mu mpera z’ino ndwi, aho uzokina na Les Lierres, kugira ushobore gukwiza inkino 30, zisanzwe zitegekanijwe muri Primus Ligue. LLB ikaba yaronse uburenganzira bwuguserukira iguhugu mw’ihiganwa rya Afrika.

Mwomenya ko LLB ikiri mw’ihiganwa ry’igikombe c’Umukru w’igihugu aho iri mu gice ca kane gisira ica nyuma, bisigura y’uko bashobora gutwara ibikombe bibiri, nk’uko babikoze mu mwaka w’2014.

2,662 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel