Scroll to Top

#Indundi Sports| Flambeau de l’Est “Tugiye kwitegura bikomeye mu rukino rwo ku munsi w’Imana.[Interview]

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 19 May 2017 12:52 PM / /

Mu rukino rwabahurije ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuri uno wa kane (18/5/2017), umugwi wa Flambeau de l’Est, waraye unganije na Inter Stars,  igitsindo kimwe ku kindi (1-1).

Iyo migwi yose ikaba ikurikirana ku rutonde rw’ihiganwa rya Primus Ligue, aho iriko irakora ibishoboka vyose ntikoroke icicaro ca mbere. Mu mpera zino ndwi, ku munsi wa nyuma w’ihiganwa rya Primus Ligue (2016-2017).

Flambeau de l’Est izokwakira umugwi wa Magara Stars kuri Stade yitiriwe Urumuri rw’amahoro, mu gihe Inter Stars yo izokina n’umugwi wa Olympique Stars. Iyo migwi yose ikaba ifise amanota agera kuri 29 ariko ni Flambeau de l’Est isumvya ibitsindo umugwi wa Inter Stars.

Mwumvirize ico umumenyereza wa Flambeau de l’Est, ico ashikiriza imbere y’urukino rwo ku w’Imana:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel