Scroll to Top

Big Fariouz na Peace and Love ngo babitege mu biteramo

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 18 May 2017 15:35 PM / /

 

Mu gihe abatari bake bazi ko umurwi Peace and Love hamwe na Big fariouz badacana uwaka, abo baririmvyi uko babiri ngo bagiye guteramisha barundi mu mpera z’ino ndwi ya gatatu y’ukwezi kwa gatanu.

Mu kiganiro peace and Love yahaye indundi Magazine, yamenyesheje ko yaba Fizzo co kimwe n’abandi baririmvyi ngo nta numwe bafitanye ikibazo cotuma bashwana canke bagiriranira Beef. Vianey ngo  kurya umurwi wabo ari urukundo n’amahoro, ngo niko no mu buzima busanzwe biri.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yaragarutse kuri ivyo biteramo Big fariouz azokora muri ino mpera y’indwi, aho avuga ko abamuteguriye ivyo biteramo[ Big Fizzo], babikozeko [Peace and Love] ngo bazomuvugiriza, aho bakamenyesha ko abatari bwabone Big fariouz aririmba muri Live Music ngo bokwihutira muri ivyo biteramo agiye gukora .

Uwo muririmvyi akaba yanagiriyeho anatumirira uwokenera wese gutegura ibiteramo vy’abo baririmvyi uko ari babiri ko ngo  imiryango yuguruye ata kibazo na kimwe, ibintu hagati yabo ni amarembe.

Mwomenya ko Big Fariouz yitezwe mu biteramo bibiri, ikizoba kuri uyu wa 20 hamwe n’ic’igenekerezo rya 21 uku kwezi nyene, bikazobera kuri Arena hamwe no kuri bambula.

 

#IndundiTv #vivi Peace and Love Ngo Nta kibazo bafitanye na Big Fizzo 

6,121 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel