Scroll to Top

Chonge avuga ko Kaddy Simba yironderera kumenyakana gusa

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 18 May 2017 17:07 PM / /

Ivyakozwe na Kaddy mu gutuka abandi baririmvyi ngo yashaka kwironderera ukumenyekana nta kindi vyari bigamije nkuko vyashikirijwe na conge umwe mu bavuzwe.

Na Kaddy nawe yaronse uwumwishura, uwo nawe s’uyundi ni umuririmvyi Chonge ari mu bavuzwe mu ndirimbo “zibe” iheruka gushirwa ahabona n’uwo muririmvyi Kaddy Simba.

Mu majambo yamwishuye yamubwiye abicishije ku rubuga rwa Twitter ko uko atariko barondera kumenyekana mu kuvuga nabi canke kuvuga abandi. Ivyo nyene akaba Chonge yongeye kubishimangirako mu kiganiro yagiranye na Indundi Magazine ku muhingamo w’uno wa 18 rusama.

Muri ico kiyago yagiranye na Indundi magazine akaba atagize vyinshi avuga kuri uwo muririmvyi avuga ko atarazi kuko atanazi n’iyo ava, ariko ico yabandanije ashimangira n’uko uwo muririmvyi ariko ashaka kumenyekana, ari naco gituma yakoze ico gikorwa c’ukubatuka.

Nayo ku kibazo c’uko amaze imisi adashira ahabona akaririmbo, uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane wa amerika, abandanya avuga ko hari uturirimbo tutari duke tubarizwa mu nzu y’ubuhinyanyuzi bw’umuziki Master Muziki akirindiriye ko zihera ngo azishire ahabona.

Chonge akaba ari umwe mu baririmvyi bifashe neza mu bikorwa vy’umuziki mu baririmvyi Uburundi bufise hanze y’igihugu.  Akaba amaze kuza i Burundi, aho yanakoreye uturirimbo tutari duke, turimwo n’ako yakoranye n’umuririmvyi Rally Joe.

Mwomenya ko Kaddy kuva abivuga abatari bake bariko bamubwira ko akwiye kuraba akareka amajambo ahubwo agashira ahabona ibikorwa noneho akabona kuvuga amajambo yandi menshi. Ubwo n’abandi bazobandanya bamwishura canke abandi bo babirabisha amaso gusa.

#IndundiTv #vivi Peace and Love Ngo Nta kibazo bafitanye na Big Fizzo 

5,528 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel