Scroll to Top

EAC| S.E Gaston Sindimwo niwe yaserukiye Perezida Nkurunziza mu nama y’abakuru b’ibihugu

By La Rédaction / Published on Friday, 19 May 2017 02:43 AM / /
                  Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yaraye afashe indege yerekeza mu gihugu kibanyi ca Tanzania akaba yagiye guserukira umukuru w’igihugu, Perezida Petero Nkurunziza mu nama igira iy’18 y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, iyo nayo ikaba itegekanywa gutangura aho bukera kuwa 20 Rusama.

Imbere y’uko yurira indege, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo akaba yamenyesheje abamenyeshamakuru ko agiye kwitaba ubutumire bwa Perezida John Pombe Magufuli asanzwe aramutswa igihugu ca Tanzania.

Nayo mu bigiye kwirwa muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu bigize EAC ngo hakaba harimwo ibibazo bihanze umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko na canecane ibijanye n’isoko ya bose hamwe n’ubucuti buri hagati y’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko mu bijanye na politike n’ibindi.

6,570 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel