Scroll to Top

Inkoho yo mu bwoko bwa USI yaraye itowe muri Rohero ya 2

By La Rédaction / Published on Friday, 19 May 2017 03:24 AM / /

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, OPP1 Pierre Nkurikiye, kuri uwu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 18 Rusama haratowe inkoho imwe yo mu bwoko bwa USI muri karitiye ya Rohero ya kabiri.

Iyo nkoho ikaba ngo yatowe mu muserege usanzwe utwara amazi uri ku nkengera y’ibarabara rizwi nka Avenue MAO risanzwe riri muri iyo karitiye nyene ya Rohero ya kabiri.

OPP1 Pierre Nkurikiye abandanya amenyesha ko kugira ngo iyo nkoho itorwe ko vyavuye ku makuru abajejwe umutekano bari bahawe n’abanyagihugu basaznwe batuye mu micungararo y’aho hatowe iyo nkoho, akongera akanabashimira anabahamagarira kwama na ntaryo batanga amakuru ku bajejwe umutekano imisi yose bazoba babonye ikintu icarico cose kibateye amakenga.

6,471 total views, 2 views today

Categories : homepage kirundi security
Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel