Scroll to Top

Yatunzwe n’ayo yameze yamara ivyo yari afise birafatwa

By La Rédaction / Published on Friday, 19 May 2017 06:08 AM / /

Igipolisi c’Uburundi gifadikanijwe n’abajejwe igendereza, intwaro, abasirikare bakorera mu mazi hamwe n’abanyagihugu bo muri karitiye ya Kanyenkoko yo mu gisagara ca Rumonge, barafashe ivyamwa ”madarines” vyari bijanywe muri Repubilika iharanira demokarasi ya Congo.

Kur’uwu wa kane waraye uheze,igenekerezo rya 18 Rusama nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, igipolisi c’Uburundi gifadikanijwe n’abajejwe igendereza, intwaro, abasirikare bakorera mu mazi hamwe n’abanyagihugu bo muri karitiye ya Kanyenkoko yo mu gisagara ca Rumonge, barafashe ivyamwa ”madarines”  bingana n’ibiro 1750 vyari mu bwato bijanywe muri Repubilika iharanira demokarasi ya Congo.

Nyene ivyo vyamwa akaba ari umugabo azwi kw’izina rya NYANDWI batazira Gad asanzwe aba muri iyo ntara nyene ya Rumonge yamara akaba ngo yarashoboye gutoroka abajejwe umutekano araheza atungwa n’ayo yameze.

Kw’itegeko rya Buramatari arongoye intara ya Rumonge, ivyo vyamwa vyafashwe ngo vyarahejeje bigaburirwa abana b’impfuvyi, abanyeshule basanzwe baba mu ndaro y’ishule ryisumbuye ryo mu Rumonge hamwe n’abanyororo bagizwe n’abana hamwe n’abapfasoni basanzwe bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rumonge.

5,155 total views, 2 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel