Scroll to Top

Ibikenewe kugira ngo isoko yo kuri COTEBU ikora neza

By La Rédaction / Published on Friday, 19 May 2017 11:04 AM / /

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yarakoranije abadandaza basanzwe bakorera mw’isoko yo kuri COTEBU kugira ngo batorere hamwe umuti wotuma iyo soko ishobora gukora neza nk’uko vyategerezwa.

Kuri uwu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 18 Rusama, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yarakoranije abasanzwe badandariza mw’isoko nshasha ya COTEBU kugira ngo baganire ku bijanye n’ingorane babona muri iyo soko ndetse haheze hatorwe umuti urama wotuma iyo soko ikora neza na rirya ariyo yasubiriye isoko nkuru ya Bujumbura yahuye n’ivyago, haraheze igihe kitari gito.

Mu ngorane zashoboye gushikirizwa n’abo badandaza, hakaba harimwo ukwimura abasanzwe badandariza ivyamwa mw’isoko yo mu gisagara ca Bujumbura, ”le grenier du Burundi” maze nabo bakaza kudandariza muri iyo soko nshasha yo kuri COTEBU, ugushiraho amaparikingi akwiye, ugupakururira kuri iyo soko yo kuri COTEBU ibidandazwa biba bivanywe mu ntara zo hagati mu gihugu kuko gushika ubu bishikanwa kw’isoko bita Kwa Siyoni, ukwimura abandandaza b’inyama n’amasamaki basanzwe bakorera mu gisagara ca Bujumbura maze bakabazana aho kuri iyo soko yo kuri COTEBU n’ibindi.

Kuri ivyo vyose, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa akaba yahamagariye abadandaza gukorana n’inzego zisanzwe zikora mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura gutyo babone kuzotorera hamwe inyishu y’ivyo bibazo vyabo.

Nayo kubijanye n’ukwimurira kuri iyo soko abadandaza basanzwe bakorera mu gisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa yamenyesheje ko agiye gushikiriza iyo raporo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu we asanzwe abifitiye ububasha, nawe abemerera ko agiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo ibiciro vy’ibibanza vyo muri iyo soko yo kuri COTEBU bigabanuke gato.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura akaba yarangije avunira akagohe abadandaza bahawe ibibanza muri iyo soko ariko bataratangura kubidandarizamwo ko uwo hazogera kuwa 2 Mukakaro uwu mwaka atarashobora gukorera mu kibanza yahawe ko azoheza akagitakaza.

1,987 total views, 1 views today

Categories : Economy homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel