Scroll to Top

#indundi | USA | The rock yemeje ko azitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Amerika

By KING YANN COOL / Published on Friday, 19 May 2017 14:46 PM / /

 

The rock abona ko kuba Donald Trump yaritoje agatsinda, ngo nawe nyene arashobora kwitoza akaja muri Ico Kibanza.

Mu mwaka wa 2020 mu matora y’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za America, ngo umukinyi w’amareresi akaba n’umukinyi wa Catch Dwayne Douglas Johnson benshi The rock azoboneka mu biyamamaza.

Mu kiganiro yagiranye na kimwe n’ibimenyeshamakuru vyo muri Ico gihugu, yavuze ko kuba Pr. Donald Trump yarashoboye kwiyamamaza agatsinda ngo ntacomubuza nawe kwiyamamaza muri Ico kibanza c’umukuru w’igihugu.

Uwo mukinyi akavuga ko ukumenyekana cane kwiwe ngo ari kimwe mubizomufasha kuronka amajwi muri ayo matora avuga ko azitabira mu mwaka wa 2020.

The Rock akaba avuga ko gushika ubu amaze kuronka abatari bake bazomushigikira muri Ico gihe basanzwe bava mu mugambwe w’aba Democrate.

The rock akaba asanzwe atavuga rumwe n’ umukuru w’igihugu Donald Trump, na cane cane Ku kibazo c’ukwugarana abimukira, hamwe n’aba isilamu. Uwo nyene akaba asanzwe ari n’umwana w’umwimukira afise inkomoko muri Africa.

6,922 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel