Scroll to Top

Usa | Hamenyekanye, uwo Katy Perry yaririmbiye indirimbo yo gusomana “I kissed a Girl”

By Franck Espoir / Published on Friday, 19 May 2017 16:18 PM / /

Umuririmvyikazi Katy Perry yoba ageze aho asomana n’umukobwa mugenziwe akabinezerererwa. Mbega uyo mukobwa yoba ari inde vy’ukuri?

Ico kibazo kije ahabona mu gihe haheze hafi imyaka yababa 10 uwo muririmvyikazi w’umunyamerikakazi Katy Perry asohoye indirimbo yiwe yise “I kissed a Girl” yagiye ahabona mu mwaka wa 2008. Inyuma y’iyo myaka 10 niho rero hagiye hamenyekana uwo mukobwa yagize amahigwe ya Katy Perry mu kumuririmbira ko yomusoma.

Uwo nawe si uwundi akaba atari uwundi, ni umuririmvyikazi w’umunyamerikakazi Miley Cyrus nkuko avyivugira abisigura mu nkuru yahaye iradio KTU :”igihe Katy Perry yasohora indirimbo “I Kissed A Girl, nariko nkora amasanamu ya film yanje Hannah Montana. Namwumvise mu kiganiro mw’ iradio igihe bamubaza uwo yoba yarandikiye ino ndirimbo , yahise yishura ko arije yayandikiye! Ivyo navyimvise nariko ntembereza ingendeshwa yanje, nahise nkoma induru nahindutse nk’umusazi!”

Ntivyahereye aho gusa kuko yabandanije anasigura ko umuririmvyikazi Katy perry asanzwe ari umugenzi wiwe wa cane w’ i Hollywood kuva kera, banezererwa hamwe gose. Ubucuti bwabo bwahavuye bubandanya bukomera, gushika yaho uwo muririmvyikazi yashatse kwihinduza imishatsi yiwe yo ku mutwe yipfuza ko yosa nawe.

7,820 total views, 7 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel