Scroll to Top

Umunye congo Christian Bella yashitse i Bujumbura mu giteramo

By KING YANN COOL / Published on Friday, 19 May 2017 16:04 PM / /

Umunye congo Christian Bella azoteramisha abarundi kuri uyu wa 21 rusama kuri lacosta, yashitse i Bujumbura. 

Umuririmvyi w’umunyecongo ariko asanzwe akorera ibikorwa vyiwe vyinshi mu gihugu ca Tanzania, muri kino gihe abarizwa mu gisagara ca Bujumbura aho azanywe n’ugukora igiteramo.

Uwo muririmvyi azwi cane nka Christian Bella, akaba yashitse ku kibuga c’indege ca Bujunbura uno musi, aho yakiriwe n’abatari bake mu barundi barimwo n’aba fans biwe, abamwiteze kuri scene kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 21 rusama kuri Lacosta Beach. Muri ico giteramo akazoba aherekejwe n’abaririmvyi b’abarundi nka Lolilo, Masterland, Mirror team , Black G hamwe na Mister Champagne.

Amakuru dukesha urubuga rwiwe rwa Instagram nuko igiteramo ciwe c’i Bujumbura gihagatiwe n’ibindi bitari bike agiye kuzokorera mu gihugu kibanyi ca Congo, ngaho i buvira hamwe n’i Bukavu, ku ma genekerezo ya 20, 26 na 28.

Hakaba hataramenyekana ibindi bikorwa azoheza ngo akorere aha Iwacu canke nimba azosubira inyuma ryari.

7,514 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel