Scroll to Top

Ikibazo c’ukudatora neza imirongo ya RTNB mu ntara zo muburaruko kigiye gukemurwa

By La Rédaction / Published on Sunday, 21 May 2017 02:25 AM / /

Ama réémeteurs agera kuri abiri niyo aherutse gusubirizwa ayahahora kuva mu mwaka w’1999 mu ntara ya Kirundo kugira ngo afashe abanyagihugu bo mu ntara zo mu buraruko gukurikirana neza ibiganiro bica ku mirongo y’insamirizi na terevisiyo ya Repubilika y’Uburundi.

                                Umushikiranganji Nestor Bankumukunzi

Mu ntara ya Kirundo, komine Vumbi ku kigo kimenyesha amakuru c’i Mutumba, umushikiranganji w’ugutumatumanako amakuru, ubuhinga hamwe n’ibimenyeshamakuru, Nestor BANKUMUKUNZI aherutse kwugurura ibirori bijanye n’isubirizwa ry’ama réémeteurs abiri ya radiyo na terevisiyo vy’Uburundi yari amaze igihe kitari gito adakora neza nk’uko vyategerezwa.

Ayo ma réémeteurs abiri mashasha akaba yatanzwe na Leta y’Uburundi kugira ngo afashe abanyagihugu bo mu ntara zo mu buraruko gushobora gukurikirana neza ibiganiro bica ku nsamirizi y’Uburundi ku mirongo yayo ibiri, nayo izo ntara akaba ari Kirundo, Muyinga, Ngozi, Kayanza, hamwe n’igice kitari gito c’intara ya Karusi.

3,882 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel