Scroll to Top

Sports| CAN2019: Bamwe mu bakinyi bashobora kuzotanguzwa mu rukino rwo kuri uno wa gatandatu

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 08 Jun 2017 12:59 PM / /
Imbere y’uko umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba akoresha ikiganiro imbere y’ibinyamakuru ku munsi w’ejo( 9/6/2017),aho azoshikiriza ingene bitegurira urukino ruzohuza Uburundi na Sudan y’Epfo,  abakunzi b’intamba mu rugamba batanguye kwiyumvira n’ukuvuganga bamwe mu bakinyi bariko barigenza neza mu myimenyerezo.
Twihweje abakinyi batumweko n’imyimenyerezo bariko barakora. Twifuje gutanga urutonde rw’abakinyi bashobora gutanguzwa mu kibuga n’umumenyereza Alain Olivier Niyungeko.
Nahimana Jonathan (goalkeeper)- Abakinyi b’inyuma: Ndikumana Trezor
Nizigiyimana Karin
Nsabiyumva Frederic
Nshimirimana David
Abakinyi bo hagati:
Kwizera Pierrot
Gael Duhayindavyi
Nahimana Shassir
Abasatirizi:
Ndikumana Yamin Selemani(Capitaine)
Amissi Cedric
Abdoulazak Fiston
Abasubirizi: Laudit Mavugo – Rashid Léon Nahimana- Ntirwaza Sudi- Youssouf Nyange- Rugumandiye Yvan
Umumenyereza agashobora gukoresha umukenyuro wa 4-3-3, umukenyuro w’ugusatira, ariko ukanafasha kuzibirira hagati.
Urukino rukaba rutegekanijwe kuri uno wa gatandatu (10 Ruheshi 2017), ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, kuva igihe c’isaha y’icenda y’umurango (15h).

5,020 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (1)

Ibu Félix MUSEREMU
2017-06-22 00:00:00

Ndabaramukije,mbega Retour izoba ryari?murakoze

Write a comment ...
Post comment
Cancel