Scroll to Top

Nijimbere Guibert” akarorero keza ka Fair Play”.

By Editor / Published on Friday, 09 Jun 2017 02:35 AM / /

Hari Ku munsi wa kane, igenekerezo rya 9 Ruheshi, aho Nijimbere Guibert ,umukinyi akiri muto cane muri New Star yakiriye mugenziwe w’umugwi w’Urunani. Ally vyavuzwe ko ariwe yamuvunye mu rukino rwahuje iyo migwi mu mpera z ‘indwi iheze. Uyo musore akaba yaraje kumusuhuza.

Nijimbere Guibert uwo ariko i sima, hamwe na Ally vyavuzwe ko ariwe yamuvunye

Ayo masanamu akaba yaraye aryoheye abantu benshi kuko bitanze ishusho nziza ku bakunzi ba BasketBall hano mu Burund,i kuko inyuma y’iyo mvune hari havuzwe amajambo meshi cane.
Nijimbere Guibert akaba yari yavunikiye mu rukino rwo ku w’Imana uheze, mu rukino rwari rukomeye cane hagati ya New Star n’Urunani, Urukino rwarangiye umugwi w’Urunani utahukanye itsinzi ku manota ( 59- 71).

3,246 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel