Scroll to Top

#Indundi Sports | Berco Stars ifashe ikibanza ca kabiri muri Memorial Gisembe.

By admin / Published on Sunday, 11 Jun 2017 15:35 PM / /

Kuri uno mugoroba mu gisagara ca Kigali niho harangira ihiganwa ryitiriwe Memorial Gisembe Tournament
,ihiganwa ryari ryitabwe n’imigwi itandukanye yo muri kano karere.
Igihugu cacu cari caserukiwe n’imigwi ya Dynamo mu basore hamwe na Berco Stars mu bigeme.
Berco Stars ikaba ihejeje gutakaza igikombe cabo bari bahagarariye imyaka itatu ikurikirana (2014-2015-2017), mu gutsindwa n’umugwi wa APR BBC wo mu gihugu c’Urwanda ku manota 72-58
Berco Stars ikaba yari yashitse mu rukino rwa nyuma, bivanye n’urukino batsinze ejo umugwi wa IPRC.

5,912 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel