Scroll to Top

Freddy Mbonimpa ati : ”bategerezwa kuzoba bafise ubwishingizi ku bidandazwa vyabo”

By La Rédaction / Published on Monday, 12 Jun 2017 00:20 AM / /

Abandandaza bazoba baronse ibibanza mu masoko mashasha aheruka gusubirwamwo mu gisagara ca Bujumbura, ngo bazotegerezwa kuba bafise ubwishingizi ku bidandazwa vyabo imbere y’uko batangura ibikorwa vy’ukudandariza muri ayo masoko.

       Honorable Freddy Mbonimpa, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Ivyo ni ibiheruka gushikirizwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Honorable Freddy Mbonimpa, aho ahamagarira abo badandaza kuba bararondera ubwishingizi bw’ibidandazwa vyabo, assurance mu kinyamazuru, kuko ngo bizoheza bikabagirira akamaro na canecane mu gihe bishitse hakaduka amasanganya nk’uko bimaze imisi vyibonekeza mu bibanza vy’ubudandarizo bitandukanye.

Honorable Mbonimpa akaba anamenyesha ko amasoko aheruka gusubirwamwo mu gisagara ca Bujumbura ko asa n’ayariko ararangira gusubirwamwo, mu misi ya vuba ngo akazoshobora kuzosubira kwugururwa ukuri kwamye maze imirimo ibone kubandanya nka mbere.

3,296 total views, 2 views today

Categories : Economy homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel