Scroll to Top

#Indundi Sports | Ukunyinyurana mw’itunganywa rya BasketBall hano iwacu.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 14 Jun 2017 13:03 PM / /

Mu gihe hari hasigaye inkino zigera kuri zibiri mw’ihiganwa rya Basketball hano mu gisagara ca Bujumbura ( ACBAB), haherutse gusohoka ingingo ivuye mw’ishirahamwe rya Basketball mu gihugu ( FEBABU), isaba ko iryo higanwa ribangira hakabanza gutunganywa ihiganwa rikuru ry’igihugu.
Uwusanzwe arongoye ishirahamwe rya ACBAB, umushingantahe Christian Nkurunziza, yashikirije ko bigoye ko bohagarika ihiganwa risigaje iminsi ibiri kuko ari naryo ryari risanzwe ritanga imigwi ine iserukira Mairie ya Bujumbura.
Yongeye amenyesha ko iryohiganwa rishasha rigiye gutegurwa ngo nyemejwe n’abatabifitiye uruhusha bivanye ko atari inama yabose yemeje iyo ngingo.

Uwurongoye ishirahamwe mu gihugu we umushingantahe Kararuza Augustin we siko abibona, yamenyesheje ko inyuma y’ ukubona ukurenga amategeko kuri mw’ihiganwa ryo mu gisagara ca Bujumbura, vyabaye ngombwa ko botanguza ihiganwa ry’igihugu rizojamwo imigwi yitunganije mu mategeko.
Ikibazo nyamukuru kikaba gifatiye kw’imwe mu migwi yahanishijwe impaga hamwe n’ingorane zivuye ku bakinyi bahinduye imigwi ( Transfer des joueurs).
Kuri uno munsi rero abakunzi b’urukino rwa Basket ball mu Burundi bakaguma bibaza nimba kuno kunyinyurana kuza guhererahe
Abandi nabo bakabonako ico atarico kibazo cari kuhaba mu gihe urwo rukino ruhanzwe n’izindi ngorane zikomeye ( ubukene bw’ibibuga bigezweho, ubumenyi mu bahagarikizi n’abamenyereza).

4,918 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel