Scroll to Top

Welo Hassan twakinye na LLB tuzi uburemere bwabo

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 18 Jun 2017 16:02 PM / /

Hari mu rukino rwo kur’ uwu wa 19 kuri Stade y’igitage aho hari haramutse haba urukino rwahuza umugwi Olympique star w’imuyinga hamwe n’umugwi LLB muri 1/4 mu gikombe c’itiriwe umukuru w’igihugu, urukino rukaba rwarangiye banganije 0-0. Hakurikiye iterwa rya ma penarti, Olympique star itahukana istinzi ya zi 5-3.

Umumenyereza w’umugwi Olympique Star y’imuyinga inyuma yurwo rukino indundi sport yaciye yegera umumenyereza welo imubaze akabanga yakoresheje kugira aronke itsinzi yuno musi, welo yasiguye igituma bashoboye gukuramwo umugwi LLB mu gikombe c’umukuru w’Igihugu .

Coach welo ati: Twaje gukina tuzi neza uburemere bw’umugwi llb, imvo yatumye turonka intsinzi y’uno musi.” Wello akamenyesha ko bagiye kwitegurira neza urukino ruzobahuza n’umugwi Muzinga mu gice ca kabiri gishira icanyuma banakosore amakosa yakozwe uno musi.
Hussein welo n’umwe mubakinyi ba kera bakiniye umugwi Inter star mbere baranawumenyereza.

9,110 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel