Scroll to Top

#indundi | Dj Nicolas yavuze igituma akunda uturirimbo twa kera

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 18 Jun 2017 19:34 PM / /

Uturirimbo twa kera, Dj Nicolas adukora ngo bikunde yibutse ko hariho ababatanguriye muri uwo mwuga wo kuririmba.

Umuririmvyi akaba umu Dj eka n’umuhinga w’amajwi (Ingenieur De son) Dj Nicolas hampande y’igiteramo yakoze I Kigali aho yari mu karuhuko, yaganiriye n’umumenyeshamakuru Lucky Nzeyimana mu kiganiro Celebrities Show gica ku mboneshakure Royal Tv.

Mu kiyago bagiranye yavuze vyinshi Ku muziki asanzwe akora eka n’igituma asanzwe awukora, yongera anavuga ko haro bishasha aheruka gukorana n’umuhinyanyuzi w’igihangange i Kigali, Pastor P.

Uwo muhinga akaba n’inararibonye mu muziki ndundi, yamenyekanye cane kubera akaririmbo “Ku gasozi ka kure”, muri ico kiganiro, yavuze ko uturirimbo akunze gukora, harimwo utw’abaririmvyi ba kera.

Utwo turirimbo twaho hambere ngo adukora ngo bikunde yibukirize abakunzi b’umuziki, abantu babatanguriye muri uwo mwuga.

Dj Nicolas Akaba yaheruka gushira ahabona Mixtape aho harimwo uturirimbo yasubiyemwo tw’abaririmvyi nka Canco Amisi, Afrika nova hamwe n’utwiwe yakoze nkuko yabishikirije kuri iyo mboneshakure.

12,368 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel