Scroll to Top

Inarunyonga na Miss Junelle nibo batsinze amahiganwa ya BAHO Diaspora Music awards hamwe na Miss Burundi USA 2017

By KING YANN COOL / Published on Monday, 19 Jun 2017 16:45 PM / /

 

Yaba inarunyonga, yaba Miss Junelle, bose ko bagize Imana bagatsinda ngo bakwiye gukorana n’uburongozi bwa BAHO, ishirahamwe ry’abarundi bari muri Arizona.

Mu gihe bariko bahimbaza umusi wahariwe Impunzi kw’isi, abarundi bari mw’ishirahamwe BAHO risanzwe rihurikiyemwo abarundi baba muri amerika neza neza muri Arizona, bashimye gutegura Miss Burundi USA 2017, hamwe ba BAHO Diaspora Music Awards aho abigeme hamwe n’abaririmvyi batari bake babashije kwiyandikisha ngo bahiganwe.

Ku musi wa gatandatu muri Phoenix niho haba ayo mahiganwa aho abaririmvyi bahiganywe hakurwamwo umwe yahawe agashimwe k’amafaranga eka n’umwe mu bigeme babashije guhiganwa agirwa Miss Burundi USA 2017.

Inarunyonga, umukobwa umwe mu bahungu benshi bari muri iryo higanwa niwe yabashije kuronka ikibanza ca Mbere, ahabwa agashimwe k’ama dollards 500 hamwe n’urupapuro rw’umutsindo, nayo Mt Number one akaba ariwe yafashe ikibanza ca kabiri, nawe bamwemerera ko nihagira ikiboneka bazoheza bakamuhanyurirako.

Umwigeme yari yaje akomoka muri Arizona niwe yabashije gutahukana ikibanza ca mbere mu gitigiri kitari gito c’abigeme bariko bahiganirwa Ikibanza ca Miss Burundi USA.

Mw’ijambo Samuel asanzwe arongoye ishirahamwe BAHO inc yashikirije, yamenyesheje ko abo bose hamwe n’indongozi za BAHO ngo bakwiye gukorera hamwe. Nayo umunyamabanga wa BAHO akaba yasavye abari bitavye ico gikorwa muri rusangi na cane cane urwaruka ko bakwiye kwiga bakamenya iyo bavuye, ivyo barimwo n’intego bafise kuko aribo barongozi bo muri kazoza.

Ntituramenya neza ikigiye gukurikira, canke imigambi abatowe bafise, tukaba tubandanya tubarondera ngo bagire vyinshi batubwira ariko tukaba tutarabaronka.

10,046 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel