Scroll to Top

#Indundi Sports| Laudit Mavugo yoba agiye gukinira umugwi wa AC Kigali mu kiringo c’imyaka ibiri.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 21 Jun 2017 07:22 AM / /

Umusatirizi w’umurundi w’umugwi wa Simba Sports Club, mu gisagara ca Dar es Salam, Laudit Mavugo, biravugwa ko agiye gukinira umugwi wo mu gihugu c’Urwanda wa AC Kigali.

Amakuru ava muri kimwe mu binyamakuru vyo mu gisagara ca Kigali inyarwanda.com, ashira ahabona ibiganiro vyari bimaze iminsi bikorwa hagati y’uwo mukinyi ari kumwe n’uwusanzwe amukurikiranira hafi ubuzima bwiwe (agent) hamwe n’umugwi wa AC Kigali, ivyo biganiro bikaba vyoba vyashitse ku masezerano y’imyaka 2, mu gihe AC Kigali woba ushikije ivyo bumvikanye.

Mavugo akaba yakinira umugwi wa  Simba Sports Club mu kiringo c’umwaka umwe, inyuma y’ukuhashika mu mwaka uheze avuye mu gihugu c’Ubufaransa kugeragezwa muri Tours yo mu cicaro ca kabiri. Igihugu c’Urwanda akaba atari iryambere yoba agikiniyemwo kuko yigeze guca muri iryo higanwa mu mugwi wa Police FC hamwe n’umugwi wa Kiyovu Sports.

9,174 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel