Scroll to Top

Ibomborabombora muri Miss Burundi USA hamwe no muri BAHO Diaspora Music Awards

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 22 Jun 2017 00:31 AM / /

 

Ugufatwa nabi, Agahembo kadakwiye, akamwana wa mama ngo nivyo vyakoreshejwe n’abagize Ishirahamwe BAHO mu mahiganwa baheruka gutegura.

Mu gihe haheze imisi mikeya mu gisagara ca Phoenix hatowe Umwigeme Miss Junelle nka Miss Burundi USA2017, hamwe n’umuririmvyikazi Inarunyonga nk’uwavyitwayemwo neza muri uno mwaka wa 2017 mu bikorwa vy’umuziki mu Barundi bari mu mahanga mw’ihiganwa ryitiriwe BAHO Diaspora Music Award, bamwe bamwe batangaye kwiyamiriza ivyakozwe.

Miss Junelle I Bubamfu hamwe na Inarunyonga I Buryo

Mu bavyiyamirije harimwo Mt Number one asanzwe akorera ibikorwa vyiwe muri Tennesse, hamwe na mugenzi Chonge we asanzwe aba ngaho nyene muri Phoenix. Muvyo banegura harimwo uburyo muri ivyo birori 2 vyari bifatanye, abaririmvyi ngo bafashwe nabi cane, bamwe bamwe ngo bakaba batashoboye no kuririmba ngo babashe guhiganwa.

Abo baririmvyi babicishije Ku buhinga ngurukanabumenyi bwa Facebook mu buryo bwa Live, bavuze ko batanemera uwo mwigene Inarunyonga yatowe ngo Abe umuririmvyi w’umwaka, ngo kubera bitokunda ko baserukirwa n’umuririmvyikazi atagira ikintu na kimwe ciza bomwigako mu muziki, kuko asa n’uwahevye uwo mwuga, kuko indirimbo yiwe ya nyuma iheruka gusohora haraheze imyaka 4.

Abo baririmvyi bakaba bagiriza iryo shirahamwe BAHO risanzwe rihurikiyemwo abarundi baba muri Leta zunze ubumwe za amerika, neza neza muri Arizona kuba bakoresheje akamwanawamama mu gutanga ubwo bushimwe.

Aho bakanavuga ko n’umwigeme yatowe ngo abe Miss Burundi USA nawe nyene atarabikwiye uretse ko yari mwiza, ariko ngo uwavuye muri South Dakota we, niwe yari akwiriye Ico kibanza cahawe uwo mwigeme Junelle.

Abo baririmvyi ntibaretse kugaruka Ku bushimwe abatsinze bahawe, aho Miss Burundi 2017 yahawe amafaranga arenga 5.000.000 Fbu (2000$), nk’agahembo,, nayo Ku ruhande rw’abaririmvyi ngo yahawe amafaranga arenga gato 1.000.000 fbu (500$). Abo bakidoda ko bidatahuritse ukuntu aba Miss bobo ataco basohora, boheza bagahabwa uburyo bungana uko, ariko umuririmvyi yikokora mu gukora agaheza agacinyizwa. Aho bakaba kandi banavuze ko ayo amafaranga yagabanuwe kuko ngo uwusanzwe arongoye iryo shirahamwe rya BAHO ngo yari yababwiye ko make bazohiganirwa ari 2000$.

Aho abo baririmvyi bakaba bagiriyeko basaba amashirahamwe nkayo ko boraba bakikebuka bakaza baritwara neza kuko iyo ariyo intandaro y’isambuka, kuko atawusubira kubizera bivanye n’uburyo bafashe nabi abo baririmvyi.

Tukaba tukiriko turondera uwusanzwe arongoye iryo shirahamwe BAHO, umushingantahe Samuel, ngo aduhe umuco kuri ivyo bivurwa n’abo baririmvyi, ariko tukaba tutarabasha kumutora.

Mwomenya ko ayo mahiganwa yateguwe n’iryo shirahamwe mu ntumbero yuguhimbariza hamwe umusi wariwe impunzi kw’isi.

15,799 total views, 4 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel