Scroll to Top

Guhera kuwa 31 Myandagaro ngo bazorihishwa 2000Fbu ku musi

By La Rédaction / Published on Friday, 30 Jun 2017 05:52 AM / /

Ihadabu y’amafaranga angana n’ibihumbi bibiri vy’amarundi ku musi ku musi niyo izohora irihishwa abazoba batarahinduza impusha zabo za kera muzikozwe ku buhinga bwa none, ”permiss de conduire biométrique” mu kinyamazuru, kuva kw’igenekerezo rya 31 Myandangaro uwu mwaka.

 

Nk’uko bibonekera mw’itegeko nshikiranganji yaraye ashize ahabona kuri uwu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 29 Ruheshi uwu mwaka, umushikiranganji w’umutekano, Commissaire de police chef Alain Guillaume Bunyoni amenyesha ko guhera kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro uwu mwaka, umuntu wese azoba agifise uruhusha rw’ugutwara ingendeshwa rwa kera ngo azohora arihishwa amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi bibiri buri musi.

Hambavu y’umushikiranganji w’umutekano, iryo tegeko nshikiranganji rikaba ryateweko umukono kandi n’umushikiranganji w’ikigega ca Leta, Dr. Ir. Domitien Ndihokubwayo.

 

5,197 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel