Scroll to Top

N’uwuzogerageza guhunga, Interpol ngo izoba imubona

By La Rédaction / Published on Monday, 03 Jul 2017 18:14 PM / /
  Benjamin NIYOKINDI , umuyobozi mukuru w’amaposita mu Burundi

Mu gihe hamaze imisi hibonekeza ubunyonyezi budasanzwe mu maposita atandukanye ari mu Burundi, umuyobozi mukuru wayo Benjamin NIYOKINDI aragabisha abakozi bayo, aho amenyesha ko mu gihe hazoba hafashwe uwakoze ubwo bunyonyezi ko azotegerezwa kuriha amafaranga yose azoba yagirijwe atabishoboye kuriha hafatwe ibintu vyiwe, nayo uwuzogerageza guhunga igihugu ngo azoheza akurikiranwe na Interpol.

Ivyo bwana Benjamin NIYOKINDI akaba aheruka kubishikiriza mu nama aheruka kugirisha abakuru b’amaposita yo mu ntara za Makamba na Rumonge kugira ngo barabe umuti wotorwa mu ntumbero y’ukurwanya ubwo bubegito busigaye bwagisibije muri ino misi.

Muri iyo nama, harerekanywe ko ibice bigera kuri 95 kw’ijana vy’ubwo busuma ngo basanze butegurwa n’abakozi bo muri ayo maposita.

5,200 total views, 2 views today

Categories : Economy homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel