Scroll to Top

Ngo yahavuye afatwa n’abajejwe umutekano

By La Rédaction / Published on Thursday, 06 Jul 2017 10:30 AM / /

Inyuma y’ugutungwa n’ayo yameze asize asahuye ikigega ca posita ya Ruhororo aho yahora akora, umupfasoni azwi kw’izina rya Niyonzima Berita ngo yahavuye afatwa n’abajejwe umutekano.

Ayo makuru akaba yashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, OPP1 Pierre Nkurikiye ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe Twitter, aho anamenyesha ko madame Niyonzima yagirizwa kuba yasahuye iyo posita amafaranga arenga imiliyoni zitandatu z’amarundi, hari muri kigarama mu mwaka uheze wa 2016, maze ngo araheza ahungira mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

6,852 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel