Scroll to Top

Léonce Ngendakumana arerekana umuti w’ibibazo bimaze igihe bizingamitse Uburundi

By La Rédaction / Published on Monday, 10 Jul 2017 00:55 AM / /

Ukugabangana ubutegetsi canke ugushiraho Leta y’imfatakibanza ngo sivyo vyotorera umuti ibibazo Uburundi bumaze imisi buriko buracamwo.

Kubw’umugambwe Frodebu, ngo ukugabangana ubutegetsi canke ugushiraho Leta y’imfatakibanza ngo sivyo vyotorera umuti ibibazo Uburundi bumaze imisi buriko buracamwo.

Ivyo ni ibiherutse gushikirizwa n’umushingantahe Léonce Ngendakumana asanzwe ari icegera c’umukuru w’uwo mugambwe Frodebu, akaba yabishikirije inyuma y’aho uwurongoye akanama k’ishirahamwe ry’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bwana Moussa Faki amenyeshereje ko imwe mu nyishu zotuma Uburundi buva mu ngorane bumazemwo imisi ko ari uko hoba Leta y’imfatakibanza.

Umushingantahe Léonce Ngendakumana abandanya amenyesha ko ben’izo ntwaro mfatakibanza muri kahise zagiye zirashirwaho yamara ntizaheza ngo zitorere umuti ibibazo vyaba biri mu gihugu, akaboneraho gutanga umuti ukenewe ko ari uko abarundi bose bakwiye kwumva kumwe ko amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ariwo mushinge w’intwaro ya demokarasi, umushinge w’amahoro n’umutekano, ugusubiza hamwe kw’abarundi, ukubana neza, ukwubahana hamwe n’ukwubaka igihugu c’iteka.

Mu gihe abarundi bumvise kumwe ivyo, ibibazo vya politike ngo bizoba bivuye mu nzira, ikizoba gisigaye ngo kizoba kijanye n’ukuja hamwe hagategurwa amatora adakumira gutyo ibizoba vyayavuyemwo ngo bizobe ibihumuriza abarundi bose atari akarwi k’abantu kanaka.

 

3,286 total views, 1 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel