Scroll to Top

Uruhara rw’abacamanza mu bihe vy’amatora

By La Rédaction / Published on Tuesday, 11 Jul 2017 20:01 PM / /

Ni mu ntumbero y’ukwitegurira neza amatora yo mu mwaka w’2020, umushikiranganji w’ubutungane ari kumwe n’umukuru wa CENI baraye batanguje igikorwa c’ugutsimbataza ”culture démocratique” ku bakuru b’amasentare atandukanye ari mu ntara zose zigize igihugu.

            Umushikiranganji w’ubutungane, Aimé Laurentine Kanyana

Kuri uwu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 10 mukakaro ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, umushikiranganji w’ubutungane, Aimé Laurentine Kanyana ari kumwe n’umukuru wa CENI, Pierre-Claver Ndayicariye baraye batanguje igikorwa c’ugutsimbataza ”culture démocratique” ku bakuru b’amasentare atandukanye ari mu ntara zose zigize igihugu.

Umushikiranganji Kanyana akaba yabanje kwibutsa abacamanza uruhara rudasanzwe bafise mw’itunganywa ry’amatora haba imbere y’uko atangura, ariko araba ndetse n’inyuma yayo, araheza abahamagarira kwama na ntaro bakoresha ubuhinga n’ubumenyi bafise kugira ngo bashobore gutunganiriza ababitura bose badahengamye na rirya bakunze kwiturwa inyuma y’ibihe vy’amatora bivanye n’amatati aba yayavutsemwo.

Nayo kubw’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, Pierre-Claver Ndayicariye, ico gikorwa ngo kije gishimangira ibindi bikorwa vyo muri iyo nzira nyene vyari bimaze igihe bitegurwa n’uwo murwi arongoye, nayo ihangiro nyamukuru ryavyo ngo akaba ari ukurabira hamwe icokorwa kugira ngo amatora agiye kuza aze amere neza gutyo babone gukinga hakiri kare ingorane zagiye ziribonekeza mu matora yagiye araba muri kahise.

4,708 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel