Scroll to Top

Mw’ishirahamwe Elicom na Miss Burundi2016_2017 bariteguye

By Julien Barinzigo / Published on Wednesday, 12 Jul 2017 06:05 AM / /

Ishirahamwe Elicom rifatanije n ‘urwego rwa Miss Burundi2016_2017 imyiteguro ngo ni yose muri iki gihe himirije ihiganwa ry’abagendera ku mapikipiki mu Burundi inyuma y’aho hari haheze imyaka mirongo ibiri n’umunani iryo higanwa ritabaye mu Burundi.

Muri iyo ntumbero, kuri uyu wa kane igenekerezo ry’icumi na gatatu, iryo shirahamwe Elicom na Miss Burundi 2016_2017  bazotanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu nyubakwa z’ihoteri City Hill Hotel kuva isaha zine z’igitondo.

Nkuko bimeneyeshwa n’uwurongoye umugwi utegura iryo higanwa, Eliezel Ntarampeba ngo kazoba ari akaryo ko kumenyesha ibijanye n’ihiganwa ririko ritagugwa ryiswe Elicom Motocycle Racing.

Kugira irihiganwa rimenyekane cane, abaritegura baremereye n’akarusho kangana n’amafaranga ibihumbi mirongo itanu ku muntu wewe azomenyekanisha ibijanye n’iryo higanwa abicishije ku mihora ngurukana bumenyi itandukanye.

Elicom Burundi ni ishirahamwe ryashinzwe haraciye imyaka irenga cumi rirsanzwe rikora ibikorwa bitandukanye.Uwo bafatikanije na we Miss Burundi2016_2017 ni Ange Bernice Ingabire yatowe mu mwaka uheze mw’ihiganwa ry’abigeme baciye ubwenge kandi bakaranga mu Burundi.

5,858 total views, 104 views today

Categories : homepage kirundi promoted

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel