Scroll to Top

#Indundi Sports| Simba Sports Club na Mavugo Laudit bagiye gukorera imyimemenyerezo muri Afrika y’epfo.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 16 Jul 2017 22:54 PM / /

Umugwi wa Simba Sports Club wo mu gisagara ca Dar es Salam ugiye gufata urugendo rugana igihugu ca Afrika y’Epfo, mu myimenyerezo y’ugutegura ihiganwa ry’umwaka uza rya Vodacom.

Ku munsi w’igenekerezo rya 17 Mukakaro, niho bategekanya gufata urugendo. Simba Sports izofata urugendo irikumwe n’abakinyi bashasha iherutse kugura bagera kw’icenda, ikaba isigaje kugura abakinyi bagera kuri 2 ngo ikwize igitigiri gisabwa.

Bamwe mu bakinyi bashasha uyo mugwi waguze :  Aishi Manula na Emmanuel Mseja, Shomary Kapombe,  Ally Shomary,  Jamali Mwambeleko,  Salim Mbonde na Yusuph Mlipili, John Bocco na Emmanuel Okwi.

Muri Afrika y’epfo, Simba Sports Club, izokina inkino zitatu za kivandimwe n’ubwo hatamenyekanye imigwi bazohura. Umunyamabanga wa Simba Sports Club ashinzwe gutegura umugwi  Mohamed Deuji arongera agashikiriza ko kiretse abakinyi bahora mu mugwi nserukira gihugu wa Taifa Stars, abandi bamaze gushika mu gisagara ca Dar es Salam.

Umugwi wa Simba Sports Club, ukaba uriko utegura umunsi witiriwe Simba Day, uhimbazwa italiki ya 5 Myandagaro.

3,524 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel