Scroll to Top

Abantu indwi nibo bakomeretse

By Julien Barinzigo / Published on Monday, 17 Jul 2017 04:21 AM / /

Umuvugizi w’igiporisi, Petero Nkurikiye yamenyesheje ko hatewe igerenade  ku bunywero bita Kubajandarume muri Karitye Bwiza kw’ibarabara rya kabiri, igihe c’isaha zibiri n’inusu z’ijoro ryo kuri uwu w’Imana igenekerezo ry’16  hakomereka abantu bashika indwi.

Nkurikiye yabanadanije amenyesha ko nyene kugera ayo magerenade yamenyekanye kuko imodoka yariko arakoresha yayitaye aho habereye iryo bara.

Ivyo bibaye ata indwi ihaciye ikigwanisho bene ico nyene gitewe muri iyo Karitiye nyene itari kure y’umugwa mukuru w’igisagara ca Bujumbura.

3,041 total views, 1 views today

Categories : Health homepage Lifestyle
Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel