Scroll to Top

Ngo i Makamba ntavyizana, biraronderwa

By Julien Barinzigo / Published on Friday, 04 Aug 2017 23:08 PM / /

Abarundi baba mu mahanga baritabiriye ibikorwa rusangi vya bereye ku kibuga c’inkino kiriko kirubakwa ku mutumba Gisenyi muri Komine Makamba kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 5 mukakaro.

Buramatari Niyukuri Gad yatarera abanyagihugu bagizwe n’abakinyi , n’abasirikare hamwe n’abarongozi batandukanye b’intara ati : ‘’I Makamba ntavyizana’’ nabo bakishura bati’’biraronderwa’’. Iki civugo cahavuye gicika ururimbo kuva ibikorwa bitangure gushika birangire. Gad ati :’’ Kaze mu ntara yacu nziza ya Makamba iri mu gihugu ciza cacu c’Uburundi kirongowe neza na Nyene icubahiro Petero Nkurunziza’’.

Japhet Legentil Ndayishimiye aserukira abarundi baba mu mahanga baje bava mu bihugu 25 ati : ‘’Tumaze  imisi twumva ibintu vyinshi ku gihugu c’Uburundi  bavuga ngo ni igihugu kirimwo intambara none dushitse i Makamba twakiriwe n’urwaruka …… twasanze ata ntambara iri mu Burundi, ahubwo twasanze abarundi ikibazo co kubana neza baragitahuye …….abarundi muri aba gabo’’.

Yarashimiye Reta y’Uburundi kuko ngo imaze gushiraho umugambi wo gushigikira abarundi baba mu mahanga.

Umukuru w’inama nshingamateka , Reverien Ndikuriyo mamenyesheje ko i Makamba n’ahandi mu gihugu bari barahenzwe n’abakoroni ko ataco bashoboye ku buryo mu kubaka ikirasi kimwe c’ishure babanza kwambambira abazungu.Ati :’’Turiko turubaka ikibuga c’inkino kiki kandi ntanetererano y’umuzungu dukeneye.Abadufasha ni Bubanza, ni Kayanza ni Kirundo, ni Mwaro, ni Karuzi…..kandi tuzobishobora kuko ubu dukoresha imiriyoni 150 kw’idari imwen nta muzungu dukeneye ko yoduterera kuri iyi nyubako y’intara.

Kuri ico kibuga kazoboneka ubuzi 250 butandukanye buzarangugwa n’abavuka ntara.

Yavuze ko ico kibuga kizokugurugwa mu 2017 .Ubwugamo bukazoba burimwo ibibanza 2000 cakire inkino zitandukanye nk’izo amagauru n’amaboko.Izo nkiko zizoshobora no kuba mw’ijoro kuko ngo ‘’amatara nzazosubira ku bura mu Burundi’’.Iruhande y’ivyo bibanza ku mpande w’ico kibuga hazoba hariho amashure yo kwimeneyereza inkino zitandukanye.

Uyu mmukenguzamateka amaze ku gendera amakomine 119 yo mu Burundi n’ibigugu 46 bitandukanye yarangije ijambo ryiwe anegura ko igihugu ca Kanada camwimye uruhusha rwokukigendera.

6,790 total views, 16 views today

Categories : Diaspora homepage kirundi
Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel