Scroll to Top

#Indundi Sports| Sport For Life Kazoza Academy: Amatuta y’urukino rwa Basket Ball hano mu Burundi

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 07 Aug 2017 11:02 AM / /

Mu gihe mu rukino rwa Basket Ball, havugwa inyinyurana  mu mahiganwa y’abakuze, hari abandi  barajwe ishinga nyabuna n’uguteza imbere urwo rukino bahereye mu bana bakiri bato kuko ngo igiti kigororwa kikiri gito. Sport for life Kazoza Academy, n’ishure ririko riratanga ubumenyi bw’urukino rwa Basket Ball, guhera ku myaka ine gushika kuri 17.

Guha abana ubuhinga bw’intango ( les fondamentaux )  mu rukino rwa Basket Ball, niryo hangiro rikuru rya bano bahoze ari abakinyi b’urukiro rwaBasket Ball, hano mu Burundi, aho bagiye hamwe ngo begeranye urwaruka.

Sport for life Academy, yifuza kuramurira amakungu mu myaka iza biciye muri bano bana bariko bariga. Twabasanze aho basanzwe bakorera imymenyerezo ku kibuga benshi bazi kw’izina rya Parquet, batuganiriye vyinshi mushobora kwibonera mu masanamu y’imboneshakure yanyu IndundiTV.

Abo twaganiriye ni Patrick Richard Ngwijuruvugo ari mu batanguje iri shure asanzwe ari umumenyereza w’umugwi w’Urunani na Berco Stars, Hakizimana Alexis, yahoze ari kizigenza w’umugwi w’Urunani, akaba ari nawe ajejwe n’ibijanye n’ubuhinga muri rino shule.

Muri rusangi bameyesha ko  bageze ku bana barenga ijana na cumi(110), bari mu mice itndukanye bivanye n’imyaka barimwo. Bakaba basaba ko bofatwa mu mugongo kugirango bashike kw’ihangiro bishinze, harimwo ukuramurira amakungu nk’uko vyashobotse kuri Kalume Dada Florence na Ines Nezerwa bari muri Leta Zunze Ubumwe za Amelika.

3,039 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel