Scroll to Top

#Indundi Sports| Murutabose Hemedi ni umukinyi yigenga kuri uno munsi.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 08 Aug 2017 09:32 AM / /
                                                Uyo musore ari hagati ni Murutabose Hemedi ( Mbeya City)

Inyuma y’amakuru yari agize iminsi avugwa ko umusore Murutabose Hemedi, ari umukinyi wa Buja City, uyo musore yabehuje iyo nkuru, agirako anamenyesha ko gushika kuri uno mwanya ata mugwi afise, ahubwo  yigenga.

Mu kiringo c’indwi zibiri ziheze, uwariko aramenyereza umugwi wa Buja City, Amars Niyongabo yari yamenyesheje ko Murutabose Hemedi, ari mu bakinyi bagarutse muri Buja City, ari kumwe n’uwitwa Razak. Uyo mukinyi yahavuye abeshuza ko ayo makuru atari ukuri.

Murutabose Hemedi ku makuru twaronse,  avuga ko ata masezerano n’amwe afise muri Buja City, kuva avuye muri Mbeya City mu gihugu ca Tanzania, mw’ihiganwa ryarangiye, akamenyesha ahubwo ko niba hari umugwi umukeneye womwegera bakavugana. Aho yavuye muri Mbeya City ku bw’ imvune ihiganwa ritararangira.

Murutabose Hemedi akaba yagiye mu gihugu ca Tananiya muri Mbeya City avuye muri Buja City, yaciye muri LLBS4A.

2,974 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel