Scroll to Top

#Indundi Sports| Basket Ball: Hagiye gutanguzwa ubundi buhinga muri runo rukino.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 08 Aug 2017 12:24 PM / /

 

 

Mu mpera z’ino ndwi turimwo hano mu gisagara ca Bujumbura, haritezwe inkino zizohuza ibihugu vyo muri kano karere (Burundi, RDC, RDC), biciye mw’ishirahamwe mpuzamakungu Peace and Sports, biciye mu rukino rwa BasketBall.

Amakuru twakuye hafi, y’abarongozi b’urukino rwa Basket Ball hano iwacu, kazoba akaryo k’ugutanguza ubundi buhinga bw’urukino rwa Basket Ball, ikinwa n’abakinyi batatu, ivyo bise Basket 3 by 3 canke BasketBall ya batatu. Ubwo buhinga bushasha rero bukazoba bwigenga kuri Basket Ball yahahora kuko, ifise amategeko yayo yisangije n’ubwo atari menshi ufatiye ku yahahora.

Ni muri iyo ntumbero, hamaze gutororokanywa umugwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, kugira uzoserukire igihugu cacu muri iryo higanwa ritegekanijwe mu mpera z’ino ndwi hano mu gisagara ca Bujumbura.

Twaganiriye n’umwe mu bariko barategura urwo rukino, Mbazabugabo Fabrice aratwiganira uko bariko barategura abo bakinyi, n’ivyo babigisha.” Twifuje gutangurira mu bakiri bato kugira duteze imbere ubwo buhinga bushasha, akarusho karahari kuko ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rwa BasketBall kw’isi (FIBA), ryamaze kwemeza ko rizofata mu mugongo biboneka ibihugu bizoteza mbere ubwo buhinga.”

Twobamenyesha ko hari hamaze kuvuka imigwi ikina muri ubwo buhinga bushasha ku bibug bitandukanye hano mu gisagara ca Bujumbura, ahitwa kuri Parquet, Antente n’ahandi. Muri izo nkino zitegekanijwe igihugu ca Congo ihranira Demokarasi caramaze kwemeza ko kizitaba, hasigye kumenya niba UUrwanda narwo ruzitabira iryo higanwa.

 

2,698 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel