Scroll to Top

Ally aracari umukinyi wa Mukura

By adijoe / Published on Tuesday, 08 Aug 2017 21:40 PM / /

Amakuru aguma acana canako ku bimenyeshamakuru vyo mu Rwanda avuga y’uko umukinyi Ally Niyonzima yavukiye hano iwacu yamaze gusinya mu mugwi Rayon Sport mbere namwe mu mashusho akavyerekana.

Abayobozi b’Umugwi Mukura victory Sports ntaco babiziko kuko bemeza neza yuko Niyonzima ari umukinyi wabo kandi ko ata muntu n’umwe yobasuzugura, bagasaba kandi yuko hokurikizwa amategeko. ally Niyonzima akaba yari yagiye kugeragezwa mu gihugu ca Zambia mu mugwi witwa Nkana Fc.

Amakuru Indundi sport ifise twaronse ku bayobozi ba Mukura Victory Sports avuga yuko uyo mugwi wo muri Zambia wamaze gushima uyo mukinyi ariko muri kino gihe avuga yuko amaze kuba umukinyi Wa Rayon sports . Ally Niyonzima akaba afise umuvyeyi umwe w’umurundi hamwe n’uwundi w’umunya Rwanda akaba asanzwe akina mu mugwi Nserukira Gihugu w’Urwanda Amavubi, akaba avukana na Ngando Omar yahoze akinira umugwi Athletico Olympic muri kino gihe yamaze gusinya mu mugwi Ac Kigali

Mu kibukako Ally Niyonzima yakiniye mu migwi ikomeye ya hano Iwacu aho twovuga nka Academie Tchite, hamwe n’Umugwi Athletico.

2,712 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel