Scroll to Top

Vital’o FC iratangura imyimenyerezo y’ihiganwa ry’umwaka uza (2017-2018) ku munsi w’ejo.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 09 Aug 2017 10:28 AM / /

Amakuru ava hafi y’umugwi wa Vital’o FC, aramenyesha ko, aho bukera, igenekerezo rya 10 Myandagaro, uyo mugwi uzotangura imyiteguro y’ihiganwa rya Primus Ligue ry’umwaka uza (2017-2018).

Iyo myimenyerezo ikaba igiye gutangura mu gihe uyo mugwi ari nawo ufise ibikombe vyinshi hano mu Burundi, uherutse gutakaza  bamwe mu bakinyi bakomeye bawo, aho twovuga nka: Nzigamasabo Steve, Duhayindavyi Gael, Barenge Pistis, Ndikumana Landry, Caleb Bimenyeimana , tutibagiye umumenyereza mukuru wawo Haringingo Francis.

Umukuru w’umugwi wa Vital’o FC aherutse gusubiriza umumenyereza, mu guha amasezerano  umumenyereza Jumanne, yahoze amenyereza umugwi wa Inter Stars na Rukinzo yo mu cicaro ca kabiri, yongera aha amasezerano kandi umukinyi yavuye mu gihugu ca Cameroun yitwa……

Abakunzi b’umugwi wa Vital’o FC, inyuma y’ukumara imyaka ibiri batwara ihiganwa rya Primus Ligue(2015-2016, 2016-2017), barifuza kugaruka kuri urwo rugero na cane cane ko umurongozi wabo yari yamenyesheje ko yifuza kugarukana uyo mugwi mu migwi itinyitse muri Afrika n’kuko vyari mu myaka y’1992.

Tubibutse ko  Vital’o FC imaze gutwara ibikombe vy’ihiganwa ryo mu Burundi incuro zigera kuri 20, yongera iwara igikombe ca Kagame Cup mu karere ka  CECAFA mu mwaka w’2013. Uno mugwi ku rugero rwa Afrika washitse mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa rya Afrika rihuza imigwii  yatwaye ibikombe mu mwak wa 1992, ukuwemwo na Africa Sports yo muri Cote d’Ivoire.

5,773 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel