Scroll to Top

Uburundi bwatakaje ibibanza ibibanza 11 ku rutonde rwa FIFA.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 10 Aug 2017 05:42 AM / /

Mu rutonde rw’imigwi nserukirabihugu rushorwa buri ntango z’ukwezi n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi rya FIFA, Uburundi bwafashe ikibanza c’132, butakaza ibibanza 11.

Uburundi mu kwezi guheze kw’indwi, bwari mu kibanza c’121, aho bwari bwungutse ibibanza birenga icumi , ivyari vyahaye icizere kinini abakunz b’umupira w’amaguru hano mu Burundi.

Kuri runo rutonde rushasha rwo muri myndagaro, biboneka ko urukino Uburundi buherutse gutakaza imbere y’igihugu ca Soudan, mu ntumbero y’ihiganwa rya CHAN2018, rwabaye inkwezi y’amarere mu gutakaza ivyo bibanza vyose bigera kuri 11.

Muri Afrika, Uburundi buri mu kibanza ca 38, mu gihe igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Congo bari mu kibanza ca 2 muri Afrika nayo kw’isi, akaba ari ikibanza ca 28.

Ikibanza ca FIFA, akaba atari ikibanza co gufata minenerwe kuko ari naco gitanga isura y’ubukomezi bw’ihiganwa ┬ákanaka muri buri gihugu.

2,128 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel