Scroll to Top

Gael Bigirimana yinjije igitsindo ca 2 muri Motherwell

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 10 Aug 2017 05:08 AM / /

Hari ku mugoroba w’ igenekerezo rya 09 myandagaro umwaka wa 2017 aho hari haramutse haba urukino rwahuza umugwi Ross Country hamwe n’umugwi Motherwell usanzwe ukinamwo Gael Birimana mu gikombe c’ihiganwa rya Ecosse.

Urukino rukaba rwararangiye umugwi Motherwell utsinze umugwi Ross Country ibitsindo 3-2 muri ivyo bitsindo hakaba harabonetse igitsindo c’umukinyi Gael Bigirimana yinjije ku munota wa 50 w’urukino.

Gael Bigirimana akaba yinjije igitsindo ca kabiri kuvaho aguriwe n’ umugwi Motherwell Fc.


Mu kibukako Gael Bigirimana yaguzwe n’umugwi Motherwell mu kwezi kwa gatanu avuye mu Mugwi convetry City mu bwongereza

2,280 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel