Scroll to Top

Francine Niyonsaba aritezwe bikomeye i Londres

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 10 Aug 2017 07:17 AM / /

Kuri uno wa kane, igenekerezo rya 10 Myandagaro 2017, mu gisagara ca Londres, ahariko habera inkino z’isi yose mu kwinonora imitsi, haratangura ugusiganwa ku metero amajana umunani (800m, ku bigeme.

Mu bigeme barindiranywe igishika cinshi haba hano mu Burundi canke mu makungu n’izina rys Francine Niyonsaba, umwigeme wa hano iwacu mu Burundi, aho azakwiruka igihe c’isaha zibiri zijoro n’iminota mirongo ibiri n’itanu (2oh25min).

Kuri uno munsi hategekanijwe inkino z’ugukuranamwo ico bita ama series, inkino z’igice ca kabiri zikaba zitegekanijwe, ku munsi w’ejo igihe c’isaha zibiri n’iminota 25 (20h35′), inkino za nyuma zitegekanijwe kur’uwu w’Imana.

2,730 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel