Scroll to Top

#indundi | Ingoma Arts yasubiriye kwugurura imiryango

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 10 Aug 2017 11:09 AM / /

Inyuma y’igihe itariko irakora, Ingoma Arts ngo yasubiriye kandi kw’ugurura imiryango.

Iyindi nzu y’ubuhinyanyuzi aha Iwacu igiye gusubira kandi kwugurura inyuma y’igihe itabasha gukora neza, iyo nayo s’iyindi ni inzu Ingoma Arts records y’umuhinyanyuzi Romeo etoile Du Centre.

Ivyo bikaba vyamenyekanye aho uwo muririmvyi akaba kandi n’umuhinyanyuzi yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, anifashishije amashusho ya bimwe mu bikoresho biri muri iyo nzu y’ubuhinyanyuzi.

Mu bagize ico bashikiriza kuvyo ico gihangange cari cashize kuri urwo rubuga,abenshi bakaba bamuteye intege ngo ibikorwa bibandanye biduga gusumba. Bamwe bakaba banamubajije aho ibikorwa bizotangurira aca ababwira ko vuba cane ibikorwa vya mbere bizoshirwa ahabona.

Iyo nzu y’ubuhinyanyuzi ntihabashije kumenyekana aho izokorera ubu, ariko ubwa mbere ikaba yarisanzwe ikorera mw’I Rohero hampande ya Croix Rouge.

Muri kahise ico gihangange kikaba carakoreye indirimbo zitari nke zaba iz’amashirahamwe eka n‘iz’abaririmvyi ubwabo kandi zamenyekanye cane gose.

 

4,317 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel