Scroll to Top

Mkomboz yatanguye gutegura gukora amasanamu y’akaririmbo “Toma na Nadine”

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 10 Aug 2017 11:20 AM / /

 

Mkomboz yamenyesheje ko ariko aritegura gukora amasanamu y’indirimbo yiwe nshasha “Toma na Nadine”.

Inyuma y’isohoka ry’akaririmbo Toma na Nadine ka Mkombozi, uwo muririmvyi  yamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa facebook ko yatanguye gutegura gukora amasanamu y’iyo ndirimbo y’urukundo iriko ikora kuri benshi.

Muri ubwo butumwa yatanze kuri urwo rubuga akaba yanagiriyeko abwira abakunzi b’umuziki wiwe basanzwe bafise ubumenyi buhagije mu bijanye n’ikorwa ry’amasanamu, ko bomuterera ivyiyumviro mw’ikorwa ry’ayo masanamu. Akaba avuga ko ivyiyumviro vyose yiteguye kuvyakira.

Kuri urwo rubuga nyene, uwo muririmvyi yabandanije amenyesha ko ako karirimbo bariko baramusaba ko yoraba akagasubiramwo mu zindi ndimi nk’igiswahiri.

Twobibutsa ko ako karirimbo ata misi myinshi kamaze gasohotse, kakaba kariko kanavyifatamwo neza cane muri ico gihugu c’imisozi 1000, Mkomboz asanzwe barizwamwo muri kino gihe.

Ayo masanamu aramutse akozwe agasohoka, akaba azoba abaye amasanamu ya kabiri asohotse ya Mkomboz kuva atangura umuziki. Iya mbere ikaba ari indirimbo Mkomboz yakoranye na mugenziwe Alikiba.

Toma Na Nadine By Mkombozi Ft Jp Runyurana


 

4,416 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel